Burundihomepagekirundikirundi_Sports

Uburundi bwakoze imyimenyerezo ya nyuma yo kwitegurira Palestina

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Nzero 2020, umugwi w’Uburundi waserukiwe n’abakinyi ba Aigle Noir mu mahiganwa ya Bangabandhu Gold Cup bakoze imyimenyerezo yanyuma yo kwitegurira umugwi nserukira gihugu wa Palestina mu rukino rwa nyuma Final ruzobahuza kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Nzero 2020 isaha cumi n’imwe z’umugoroba mu masaha ya Bangladesh, mu Burundi azoba ari isaha indwi z’umurango.

Uburundi bukaba bwagiye mu rukino rwa nyuma bunyagiye Bangladesh ibitsindo 3-0 ibitsindo vyose vyinjijwe na Nshimirimana Jospin.

Mukamenya y’uko Palestina ariyo isanzwe ifise igikombe c’umwaka uheze mugihe Uburundi azoba ari incuro y ambere bwitabiriye ayo mahiganwa ya Bangabandhu Gold Cup ariko abera mu gihugu ca Bangladesh.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878