homepagekirundikirundi_Sports

Uburundi bwungutse ibibanza bibiri ku rutonde rwa FIFA

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi intamba mu rugamba wungutse ibibanza bibiri ku rutonde rwa FIFA rwama rusohorwa buri kwezi.

Muri uku kwezi kwa Rusama umwaka wa 2019 Uburundi bwisanze mu kibanza ca 134 mugihe mu kwezi Ntwarante rwari mu kibanza ca 136.

Mu bihugu tusangiye kano karere ka CECAFA navyo nk’Ubuganda buri mu kibanza ca 80, igihugu ca Kenya kigafata ikibanza ca 105, Tanzania igafata ikibanza ca 131 hama Urwanda rugaca rufata ikibanza ca 136.

Mwomenya ko igihugu gifata ikibanza ca mbere kw’isi naco kikaba ari Ububiligi bugakurikirwa n’Ubufaransa hamwe na Brezil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871