homepagekirundikirundi_Sports

Uburundi bwungutse ibibanza bibiri ku rutonde rwa FIFA

Uko ukwezi gutashe, ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama rishira ahabona ingene imigwi yama isumbasumbana ibibanza, Uburundi bukaba bwungutse ibibanza bibiri muri kuno kwezi kwa kabiri bukaba bwisanze mu kibanza ca 149 mugihe mu kwezi kwa mbere guheze bwari mu kibanza ca 151.

Iyindi migwi dusangiye akarere ka CECAFA nk’Ubuganda tubusanga mu kibanza ca 77 , Kenya ikaba iri mu kibanza ca 107, Urwanda mu kibanza ca 131 , Tanzania nayo mu kibanza ca 134.

Kw’isi yose igihugu gifata ikibanza ca mbere ku rutonde rwa FIFA ni Ububirigi bugakurikirwa n’Ubufaransa hamwe na Brezil.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871