homepagekirundikirundi_Sports

Uburundi bwungutse ikibanza kimwe mu cegeranyo cama gikorwa na FIFA buri kwezi

Nk’uko bizwi buri kwezi ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama ritanga urutonde rw’ukungene imigwi nserukira gihugu yama igenda isumbasumbanya ibibanza buri ukwezi kuri uyu wa kane igenekerezo rya 24 Gitugutu umwaka wa 2019 , iryo shirahamwe ryashize ahabona urutonde rw’ingene imigwi yagiye irasumbasumbanya ibibanza mu kwezi kwa Nyakanga.

Uburundi bukaba buwungutse ikibanza kimwe gusa kuko bwafashe ikibanza ca 143 kw’isi mugihe mu kwezi kwa Myandagaro bwari bwafashe ikibanza ca 144.

Mu bindi bihugu dusangiye kano karere ka CECAFA nk’Ubuganda bufata ikibanza ca 79, Kenya igafata ikibanza ca 108, Urwanda rugafata ikibanza ca 129 nayo Tanzania igafata ikibanza ca 133.

Mukamenya y’uko igihugu gifata ikibanza ca mbere kw’isi ari Ububirigi kigakurikirwa n’Ubufaransa hamwe na Brezile.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871