footballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Ubushikiranganji bw’’imigenderanire n’ayandi makungu bwakinye n’Ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya

Imigenderaniye hagati y’Uburundi hamwe n’ubumwe bwa buraya ibandanya inaguka.

Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Rusama 2023 , Isaha zine zo mugitondo (10h00) ku kibuga Entente Sportif Ubuserukizi bw’ubumwe bwa buraya mu Burundi bwarakinye urukino rwa kivandimwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu

Urwo rukino rwarangiye ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu butsinze ibitsindo 4 kuri 1 c’ ubumwe bwa Buraya mu Burundi.

Kubwa Ambassadeur Albert Shingiro arongoye ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu , yavuze ko uwo mugenzo wo gukina urukino rumwe mu mwaka ari mwiza cane kuko utuma bahurira mu kibuga bakisanzura ahatandukanye kuko kenshi bahora bahurira mu biro canke mu nama .

kubwa Ambassadeur Claude Bochu  aserukira umuryango w’ubumwe bwa Buraya mu Burundi nawe  yashikirije ko inkino n’ibirori biri mu rukurukirane rw’ibikorwa bisanzwe birangurwa n’uwo muryango mu kwezi kwa Rusama aho bakunda guhimbaza umusi mukuru wahariwe Ubumwe bwa Buraya .

Mu gusezera yavuze ko uno mwaka bashoboye gushiramwo abaserukizi bw’ibihugu vya Turquie hamwe na Suitzerland .

Mwomenya ko mu nkino 3 bahuye ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwatsinze incuro 2 ubuserukizi bw’ubumwe bwa buraya mu Burundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 830