Entertainmenthomepage

Big Fizzo asotoye Lolilo Kandi

Abantu baratangajwe n’ivya Lolilo na Big Fizzo, bakoreye abantu ku rubuga rwa Facebook.

Mu gihe Big Fizzo yaheruka guteza uruhagarara nkuko twari twabigarutseko mu nkuru twaheruka kubashikiriza, aho yavuga ku bijanye n’ukwambara utubindo mu ndirimbo, ubu naho azanyemwo Lolilo.

Mi die niko karirimbo gashasha Lolilo aheruka gushira ahabona, ako karirimba kakaba kabonetse inyuma y’imisi yariko irababa 100 ata Kandi karirimba gasohotse inyuma ya video Lyrics ya Sweet Love.
Ako karirimbo kamaze kurabwa incuro zirenga 10,000 mu misi 2 gusa gasohotse, big Fizzo nawe yahavuye akagarukako.
Mu ruhererekane rw’ama Post y’indirimbo yari yashize Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, Mugani Desire yavuze Kuri iyo ndirimbo, Mi Die ya Lolilo.
Imbere yuko avuga Kuriyo, yabanje gutura aba Queen bose akaririmbo gashasha ka Mt Number one yise Queen, ico cipfuzo ciwe, agiherekezesha Link y’iyo ndirimbo.
Inyuma y’iyo yaciye abasangiza Indirimbo Nshasha ya Kidum yise Shema, iyo nayo hampande yo gushirako Link, yaciye avuga ko umusaza y’ama ari umusaza. Abantu n’abo bamubwira ko ivyo akoze ari vyiza, kuko kwubaha abakuruta, ngo bimuha akaryo ko kwubahwa n’abo aruta. Abo n’abo bakaba bamubwira ko ari Sat-B.

Inyuma y’ayo majambo asa n’ayaryohera ugutwi yari yaherekezesheje izo ndirimbo z’abo, Big Fizzo yavuze Kuri Lolilo amajambo ashobora gufatwa na bamwe nk’ayakarishe.
Iyo ndirimbo Mi Die, Big Fizzo ngo naho yayumvirije ngo ntiyatahuye ico uwo muririmvyi w’inararibonye mugenziwe, bahora badacana uwaka yashatse kuvuga.

Yanditse agira ati :” Iyi sindayitahuye neza, Kaka Lolilo, Weyayu. ”
Ako kajambo kavyuye abafana batari bake, kuko bamwe n’abo nyene bavuze ko bari bazi ko aribo babibonye bonyene, none ngo na Ngangari nawe yabonye ko iyo ndirimbo ifise ukuntu idatomoye neza.
Abandi bakaba bavuze ko Lolilo yoraba akarenguka kugira bikunde barabe baronse insiguro y’ivyo bibazo bari bafise, kugira bikunde babashe gutahura.
Abandi muri izo comment Kandi, bagirije Big Fizzo kunegura ibikorwa vy’abandi mu gihe we nawe aterekwa umuntu amunegura.

Inyuma y’izo commentaire zose, na Lolilo nawe yahavuye aharenguka, nawe agira ico ashikiriza kuri iyo Post itariko ivugwako rumwe n’abantu bagize ico bayishikirizako, bari mubarenga 2,000 bari bamaze gukora Like Kuriyo.
Lolilo ntiyavuze menshi, ahubwo yanditse abwira uwo muririmvyi mugenziwe ko yaharengutse, ariko ntiyagira ikindi kirenga Kuri ico yongerako.

Yanditse agira ati :” Big Fizzo here I am Bro.”
Ako kajambo nawe yaravugishije benshi, kuko bishoboka ko ico babonye atarico bari biteze, kuko uwambere yagize ico ashikiriza kuri iyo comment ya Lolilo, vyabonetse ko atangajwe cane n’ivyo uwo muririmvyi abashije kwandika Kuri iyo Post ya Big Fizzo.

Yanditse atangaye avuga ko atarazi ko abo bantu basanzwe ari incuti. Uwitwa izere yanditse avuga ati :” Lolilo Kumbe muri abagenzi?”
Abandi barimwo umuririmvyi Jean Marie niyongabo bakunze kwita Muco, abarizwa muri Zambia, nawe yavuze ko iyo ndirimbo uko ayumvise ngo iryoshe cane, ariko ngo ibiboneka vyo ngo nuko aba Promoter basa n’abagize badashaka kugira ico bashikiriza Kuri iyo ndirimbo, Mi Die.

Ntiyabaye wenyene, kuko hari n’abandi batari bake n’abo bagarutse kuri iyo ndirimbo aho bavuze ko vy’ukuri Promotion iyo ndirimbo iriko itaronka ngo ataho isa isana, n’ubwiza bw’ayo. Abo bafana agashavu bakaba bagata ku bamenyeshamakuru basa n’abamwihojeje uwo muririmvyi.
Naho Big Fizzo asa n’uwutavuze neza iyo ndirimbo, ariko hari ababona ko ico yakoze ari ciza kuko yaciye ashirako iyo Link ngo abantu baje kwirabira iyo ndirimbo, aho ni nka Edisson Ndayahoze yagize ati :” Big Fizzo arasotoye mugenziwe Lolilo, ukuntu, ariko support y’inguvu yayimuhaye kuko aterekamwo Link ya Mi Die.”

Mu biganiro Big Fizzo yatanze mu mwaka uheze, yari yamenyesheje ko bitari ngombwa ko abarundi bakundana, ariko ngo bashigikirane. Iyo utashimye ico gikorwa ca mugenziwe, ngo ntureke kugira ico uyivuzeko, ariko ngo kurenzako, ushireko Link yiwe kugira umushigikire.

Ico ciyumviro yashikirije mu mwaka uheze, akaba yaciye agishira mu ngiro, kuko wumva ko naho bamwe bavuga ko uwo muririmvyi ataravye ryiza iyo ndirimbo yabashije gushira ku rubuga rwiwe Link y’iyo ndirimbo.
Naho biruko ico n’iciyumviro ciwe, kuko abandi bo babona ko aho umuziki w’abarundi ugeze, vy’ukuri hataragera aho abantu bavugana nabi, ariko ngo harakenewe ko abaririmvyi bashigikirana, bakabwirana amajambo meza, hako basa n’abashihana.

Ico ciyumviro co kuvuga uwundi neza, kikaba kidashigikiwe n’abandi baboneka muri iyo Industry nka Simbizi wa Semavumba, kuko babona ko ukuvuga nabi igikorwa c’umuntu biri mu bituma ico gikorwa kirabwa cane.
Mu kiganiro aheruka guha bamwe muba YouTubers ba hano iwacu, yatanze akarorero Kuri ya List y’indirimbo yahagarikwa na CNC, aho yavuze ko hariho abatari bake batari bazi zimwe muri zirya ndirimbo, ariko baciye bazimenya kuko zahagaritswe.

Kubwa Simbizi, ngo ukuvuga neza buri gihe s’ico gituma ibikorwa vy’abandi bitara imbere. Uwo Mugabo akaba anaheruka kuvuga ko we uno musi yamaze kubona ko ukuvuga abantu bishobora kukubeshaho, none iyo business ngo yaramaze kuyifata.

Mu kiganiro Hangout, Simbizi aheruka kumenyesha ko ubu kugira avuge umuntu ngo bategerezwa kuba babanje kumuha amafaranga. Na cane cane ngo kugira avuge umuntu nabi, vyo ngo atafonye za noti nkuru zisohorwa na BRB ngo ntashobora kukuvuga.
Ubu rero ibintu bikaba bitoroshe, kuko abo twahora twibaza ko vy’ukuri barabana ay’ingwe, biboneka ko vy’ukuri bafise ico bahuriyeko Kandi kitoroshe.
Tugarutse Kuri Big Fizzo, nuko ubu agize igihe biboneka ko , aharurwa mu baririmvyi b’abarundi basa n’abariko bashigikira bagenzi babo mu bijanye n’aga Promotion. Aho adasiba kubashirako naho adashirako bose.
Mu misi iheze twari twabonye ukwishurana kwabaye hagati ya Big Fizzo na Sat-B, navyo bivugisha benshi Kuri izo mbuga.

Ku batabikurikiranye, twari twabonye ko izo Post zagarutsweko na Big Fizzo na Sat-B, zabaye iza mbere mu kurabwa cane, no kugirirwa Comment, ugereranije n’izari zigize imisi zisohoka, ku rubuga rwa Big Fizzo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 708