homepagekirundikirundi_Sports

Ubuzima bwa kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino

Mu gihe hasigaye indwi imwe yonyene kugira ihiganwa rya CAN ritangure mu gihugu ca Egypte, indundi Sports igiye gubashirira ahabona Ubuzima bwa Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino.

Saido Berahino Ninde?

Saido Berahino yavukiye mu Burundi mu kwezi kwa Myandagaro mu mwaka wa 1993. Inyuma yo kuva mu Burundi akiri muto yaciye yerekeza mu gihugu c’ubwongereza yiyandikisha nk’impunzi. Berahino yiyunze na West bromwich afise imyaka 11 y’amavuko akaba yatanguye guhembwa afise imyaka 18. Yatijijwe mu mugwi wa Northampton town, Brentford hamwe na Peterborough United. Yatanguye gukina ubwambere mu mugwi mukuru wa West Bromwich Albino mu mwaka wa 2013-2014 aho yigeze gutsinda ibitsindo 3 wenyene mu rukino rwabahuzaga na Newport.

Mu mwaka wiwe wa kabiri yatsinze ibitsindo 20 mu nkino 45 mu mahiganwa yose yakinye muri uwo mwaka. Berahino yaserukiye ubwongereza mu mahiganwa yose y’abana batarenza imyaka 16 gushika kuri 21 akaba yaranigeze no kuba ku rutonde rw’abakinyi b’ubwongereza batarenza imyaka 17 bigeze gutwara igikombe c’i Buraya.

Yarigeze no guhamagarwa ku rutonde rw’abakinyi bakuru ( Senior) b’umugwi nserukiragihugu w’ubwongereza mu mwaka wa 2014 ariko ntiyigeze akinishwa, mu nyuma niho guca afata ingingo yo kuza gukinira umugwi nserukiragihugu w’Intamba mu rugamba mbere n’urukino rwiwe rwa mbere rwo kurondera itike yo gukina igikombe ca Africa CAN yakinye rwahuje Gabon n’Uburundi aho banganije igitsindo 1-1 uyo musatirizi niwe yatsinze ico gitsindo catumye banganya.

Mu kwezi kwa Rusama igenekerezo rya 31 umwaka wa 2019 , mugihe hari habaye urukino rwa Intamba Day rwahuje umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba hamwe na Aigle Noir uyo mukinyi yerekanywe icese imbere y’isinzi ry’abantu y’uko ariwe agiye kuba kizigenza mushasha w’Intamba mu rugamba asubiriye abahahora aribo Nizigiyimana Karim Makenz hamwe na Ndikumana Seleman, mbere aranahabwa n’ibendera y’igihugu azotwara mu gihugu ca Egypte mu mahiganwa ya CAN2019 n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB nyakwubahwa Ndikuriyo Réverien.

Saido Berahino mu nkino 7 amaze gukinira umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba, aho twovuga inkino zibiri za kivandimwe hamwe n ‘inkino zitanu zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN2019, uyo mukinyi akaba amaze gutsinda ibitsindo 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871