footballhomepageInkinokirundikirundi_Sports

Ukudasubira kwitoza kwa Reveriyano Ndikuriyo kwababaje Justin Ndikumana

Inyuma y’aho umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB akongera akaba n’Umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriano Ndikuriyo avugiye y’uko azokinjura mu mwaka uza atazosubira kwitoza bamwe bamwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba babajwe n’iyo ngingo yafashe yo kudasubira kwitoza.

Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana akinira umugwi wa Bandari Fc wo mu gihugu ca Kenya ababazwa no kudasubira kwitoza kwa Honorable Reveriyano Ndikuriyo.

Amaze kubona inkuru yari yanditswe kuri Indundi Sports Justin Ndikumana yarababaye cane bivanye n’ingene Reveriyano Ndikuriyo yabafata mu ntamba mu rugamba, akaba yavuze ati :

“Kuri jewe Justin nshobora kuvuga y’uko bitandyoheye bivanye n’uko mu kiringo ciwe yafashe abakinyi neza cane yarakoze ivyo ashoboye , ariko nimba yahisemwo wenyene kudasubira kwitoza ikindi kiringo , ntakindi mfise nokwongera bivanye n’uko ariwe azi impamvu. Nsubiye kandi kuvuga igihe numva iyo nkuru siniyumvise neza kuko ni vyinshi vyiza yadukoreye twebwe abakinyi”

Abajijwe ni irihe tandukaniro riri hagati ya Honorable Reveriyano Ndikuriyo atwara FFB n’abandi barongozi bigeze gutwara FFB mu myaka iheze, Justin akaba yishuye ati :

“Ni nkuko nakubwiye ubwa mbere itandukaniro riri hagati yiwe n’abandi ni uko yiyegereza abakinyi b’intamba mu rugamba no kubafasha kwiteza imbere mu buzima bwabo, ndasavye y’uko wonyemerera nkavuga umukinyi uwariwe wese w’intamba w’iki gihe atomushimira kuvyiza yadukoreye azoba adashima”.

Ndikumana Justin akaba yasavye Honorable Reveriyano Ndikuriyo nk’umukuru wa FFB akongera akaba n’umukunzi w’inkino n’imigwi ntazoje kure n’inkino azobandanye gutanga inguvu ziwe , yahanuye uwuzomusubirira kuzokwitanga bimwe bikomeye kugira umupira w’amaguru utere imbere, ndetse akurikize ivyo Honorable Ndikuriyo yakora.

Mukameya y’uko Honorable Reveriyano Ndikuriyo yavuze y’uko atazoja kure n’inkino ahubwo azokora uko ashoboye mu guterera kugira inkino zibandanye zitera imbere.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891