homepagekirundikirundi_Sports

Ukuri kw’igurwa ry’abakinyi ba Aigle Noir muri Rukinzo Fc


Umugwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo Fc watanguye kwiyubaka.

Nk’uko mu bizi umugwi Rukinzo Fc ariwo mugwi uzoserukira Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup, kuri uyu wa Kane waraye uheze igenekerezo rya 06 Ruheshi umwaka wa 2019 , uyo mugwi werekanye icese abakinyi waguze bavuye mu mugwi Aigle Noir.

Abo nabo akaba ari umukinyi w’inyuma akina ku ruhande yitwa Hakizimana Héritier, hamwe na Bigirimana Séraphin akina inyuma bita Défenseur Central bakaba bashize umukono ku masezerano yo gukinira Rukinzo FC mu kirongo kingana n’imyaka ibiri.

Uwundi mukinyi yabonetse ku ma foto ariko arashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi Rukinzo FC n’uwitwa Cédric Tity Mavugo uyo nawe ivyiwe ntibirarangira neza hagati y’uburongozi bw’umugwi Aigle Noir hamwe na Rukinzo Fc , ariko bikavugwa y’uko Rukinzo FC imaze kurangiza ikibazo c’amahera n’uyo mukinyi

Uwundi mukinyi bivugwa y’uko nawe ashobora guhamvya abandi mu mugwi Rukinzo FC ni Youssuf Nyange uyo nawe muri kino gihe akaba asanzwe ari mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba nawo ukaba uri muri Qatar muri kino gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871