homepagekirundikirundi_Sports

Ukuri kw’imvune ya Nduwarugira Christophe

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Nduwarungira Christophe amagara yiwe yifashe neza.

Mu myimenyerezo yo kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 06 Ruheshi umwaka wa 2019 niho uyo mukinyi w’inyuma yakomereka kw’ivi ryiwe ry’uburyo.

Ku makuru twakuye kubaherekeje umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba muri Qatar nuko uyo mukinyi yari yaraye akomeretse ariko muri kano kanya amagara yiwe NGO ameze neza ntangorane agifise.

Nduwarungira Christophe Lucio akaba ari umwe mu bakinyi b’inyuma bama batangura mu kibuga mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871