footballhomepagekirundikirundi_Sports

Ukutubahwa n’abakinyi niko kwatumye Robert atanga imihoho muri Les lierres

Igihe umugwi wa Les liérres wariko uratana mu mitwe n’umugwi wa Rukinzo Fc umumenyereza wa Les liérres Bimenyimana Robert ntiyagaragaye ku ntebe y’ubumenyereza .

Aganiriye na Indundi Sports , Bimenyimana Robert yavuze y’uko icatumye atanga imihoho muri uyo mugwi ari ukutagira indero kw’abakinyi bamwe bamwe bo muri uyo mugwi .

Bimenyimana Robert muri kino gihe akaba yashinzwe amabanga yo kuba umuyobozi mu bijanye n’ubuhiga mu mugwi w’igisirikare c’Uburundi Muzinga Fc .

Mukamenya y’uko Robert amaze kumenyereza imigwi ya Transport hamwe na Inter Star.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891