homepagekirundikirundi_SportsMiss EricaWorld News

Umugwi Fc Seville wamaze gushika mu gisagara ca Dar Es Salam

Umugwi ukomeye wo mu gihugu ca Espagne Fc Seville wamaze gushika mu gusagaca ca Dar es salam.

Neza na neza uyo mugwi washitse ku kibuga c’indege ca Dar es salam ca Julius Kambarage Nyerere isaha indwi 7 z’ijoro wakiriwe n’isinzi ry’abantu hamwe n’abatamvyi bakomeye bo muri ico gihugu .

Uyo umugwi wa Fc Seville ukaba waje mu gihugu ca Tanzania mu ntumbero yo gukina urukino rwa kivandimwe n’umugwi Simba Sc umaze gutwara igikombe c’ihiganwa ryo muri Tanzania VPL ( Vidacom Premier League ) c’umwaka wa 2018-2019.

Urwo rukino rukaba rufise intumbero yo gukwiragiza umupira w’igihugu ca Espagne bivanye n’ukwongerekana kw’abakunzi b’ihiganwa ryo muri Espagne La Liga .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871