homepagekirundikirundi_Sports

Umugwi Rayon Sports waguze umukinyi wa kera wa Vital’o

Umugwi Rayon Sports waraye uguze umukinyi w’inyuma wa kera wo muri Vital’o FC Iragire Abou benshi bazi kw’izina rya Ambou.

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 06 Ruheshi umwaka wa 2019 , niho umugwi Rayon Sports Fc wandika ku rubuga Twitter rwawo uvuga y’uko wahaye amasezerano y’imyaka ibiri umukinyi w’inyuma wa kera wa Vital ‘o Iragire Abou benshi bazi kw’izina rya Ambou.

Akaba yahora akina mu mugwi Mukura Vs nayo ikaba imaze kwemeza y’uko itakiri kumwe n’uyo mukinyi inamwipfuriza akazi keza.

Saidi Iragire akaba agiye gukina incuro igira kabiri amahiganwa ya CAF, kuko mu mwaka uheze yakinye CAF confederation Cup ari kumwe n’umugwi Mukura Vs muri uyu mwaka agiye gukina CAF Champions League arikumwe na Rayon Sports imaze gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League.

Hampande yo gukina muri Vital’O Fc yakinye no mu mugwi wa Muzinga FC, hamwe na Nile Olympic ari kumwe naba Tchabalala, Hakizimana Issa akina muri Police Fc hamwe na Nshimirimana David bahora bakinana muri Mukura Vs muri kino gihe akaba ari muri Zambia mu mugwi Buldcon FC.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871