homepagekirundikirundi_Sports

Umugwi Rukinzo Fc wirukanye umumenyereza wayo

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 09 Kigarama 2019 niho uburongozi bw’umugwi wa Rukinzo Fc bwandikira ikete umumenyereza wayo Ramadhan Maulidi bumubwira y’uko bwamuhagaritse mu kazi ko kumenyereza umugwi wabo.

Impamvu yatumye Ramadhan Maulidi yirukanwa ku kazi n’umusaruro muke yatanze muri uyo mugwi , kutumvikana na Staff yiwe hamwe n’abakinyi.

Ramadhan Maulidi ni umumenyereza yadugije uyo mugwi wa Rukinzo Fc mu mwaka wa 2017 awukuye mu cicaro ca kabiri umwaka wiwe wa mbere yarafashije Rukinzo Fc gukina urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu ntiyigeze atwara igikombe kuko yatsinzwe na Aigle Noir muri urwo rukino naho yatsinzwe muri urwo rukino umugwi Rukinzo Fc niwo waciye uronka amahirwe yo guserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup bivanye n’uko umugwi Aigle Noir wari wamaze gutwara igikombe ca Primus ligue biwuha amahirwe yo guserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF Champions league.

Mu nkino 15 z’igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus ligue ry’uyu mwaka wa 2019-2020 Rukinzo Fc yakinye, uyo mumenyereza Ramadhan Maulidi yatsinze inkino 4 anganya 4 atsindwa inkino 7. Rukinzo Fc yarangije igice c’ihiganwa rya primus ligue iri mu kibanza ca 14 n’amanota 16.

Ramadhan Maulidi ni umumenyereza asanzwe afise Licence A yamenyereje imigwi ya hano iwacu nka Vital’o Fc , Messager Bujumbura hamwe na Rukinzo yamaze kumwirukana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871