homepagekirundikirundi_Sports

Umugwi Taifa Stars uhejeje gusesekara i Bujumbura

Isaha indwi 13h00 zuzuye zo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Nyakanga umwaka wa 2019 niho umugwi nserukira gihugu wa Tanzania Taifa stars wasesekara ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye mu ntumbero yo kwitegurira urukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi kizoba muri Qatar umwaka wa 2022 ruzobahuza n’intamba mu rugamba aho bukera kuwa gatatu igenekerezo rya 4 Nyakanga 2019, urwo rukino rukaba rutegekanijwe kuzotangura igihe ci’saha icenda z’umuhingamo (15h00), rukazobera ku kibuga c’intwari.

Mukamenya y’uko urukino rwo gusubiriza ruzoba ku musi w’Imana uza igenekerezo rya 08 Nyakanga umwaka wa 2019, rukazobera i Dar Es Salaam muri Tanzaniya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871