homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Umuhisi Papy faty azoshingurwa mu gihugu c’amavukiro

Umugwi Malanti Chiefs Fc wari usanzwe ukinamwo nyakwigendera Papy Faty wemeye gutanga uburyo bwose kugira ikiziga ca Papy Faty kizozanwe mu Burundi ashinguranwe iteka.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza umwaka wa 2019, niho abakinyi n’abanyacubahiro b’umugwi Malanti Chiefs Fc bamusezera ubwanyuma.

Bakaba burije ikiziga ciwe imodoka gushika mu gihugu ca Africa y’epfo mu gisagaca ca Johanesbourg bivanye n’uko imico n’imigenzo yo muri Swaziland kizira kwuriza ikiziga indege .

Ikiziga kimaze gushikanwa i Johanesbourg bazoce bacuriza indege iza kugishikana i Bujumbura kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Ndamukiza canke ku musi wa gatatu igenekerezo rya 01 hama bace babona kumushingurana iteka.

Bikavugwa y’uko umwe mu bigeze gukinana mu mugwi Maniema Fantastic kera yitwa Kuby akaba ari nawe yari umugenzi wiwe pfampfe niwe azoza azananye n’ico kiziga ari kumwe na mutoyi wa Papy Faty yitwa Iddy Faty.

Papy Faty akaba yitavye Imana aguye mu kibuga ku musi wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza umwaka wa 2019, aho umugwi Malanti Chiefs asanzwe akinamwo wariko uratana mu mitwe na Green Mamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871