footballkirundi_SportsSports2

# Indundi Sports | Umukuru w’igihugu ngo mu buto bwiye yakunda gukina umupira w’amaguru

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Général Major Evariste Ndayishimiye avugako mu buto bwiwe yakunda gukina umupira w’amaguru cane naho muri kino gihe asanzwe akunda inkino zose kandi akanazishigikira .

Ivyo akaba yaraye abivugiye ku kibuga intwari aho yari yaramutse agenzura adateguje ibibanza bimwe bimwe biriko bikorerwamwo inyubako za Reta hamwe n’izo abikorera ivyabo ku musi gatandatu igenekerezo rya 15 Gitugutu 2022.

Mu kiyago gito yagiraniye na Patrick Paggio asanzwe arongoye iradio RFM , Umukuru w’igihugu yavuze y’uko akiri muto yakunda umupira w’amaguru .

Akaba yagize ati ” Muribagiye ko jewe natwaye ishirahamwe ry’amashirahamwe y’inkino mu Burundi ( CNO )? Ivyo vyatumye inkino zose ndazikunda, kandi inkino zose turazikeneye mu Burundi ko ziduga. Ariko rero inkino nka Football murabona y’uko tutarashika ku rwego rukomeye nivyo twipfuza y’uko natwe tugomba gushika ku rwego rushimishije, za Basketball za Handball zikaduga , kuko murabona ubu aho turonka imidari muzosanga ari Judo ari Boxe , Karate , Athletisme kubera usanga ni abantu boroshe gukoresha ikibuga ntikiba kigoye , mugabo nka twebwe uciye ufata ngo genda ukine ku kibuga ca kindi kinini cane utigera ukibona kibanza kukunyuzura.

Nico gituma twebwe inkino zose tuzikunda , mugabo jewe nkiri muto nakina umupira w’amaguru nkasubira kandi nkakina n’ibijanye n’akaranga jewe mu karanga ntaco ntakoze naratamba umuyebe , nkatamba ingoma n’intambo zimwe zimwe z’ikirundi mu kinyagihugu hariya twanwera urwarwa bimwe bita ikimaka, ikimbabura vyose narajaniranya”.

Mwomenya ko igihe Réverien Ndikuriyo yariko arakorera ibikorwa rusangi igenekerezo rya 08 Gutugutu 2022, yavuze ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatanze ikiringo c’amezi 8 kugira ico kibuga c’intwari kizobe camaze kurangira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315