homepagekirundikirundi_Sports

Umukuru w’igihugu yaraye ashimiye umuvyeyi wa Papy Faty

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yaraye ashimiye nyina wa Papy Faty.

Kuri uyu wa mbere Mukakaro 2019 niho Uburundi bwahimbaza imyaka 57 iheze buhabuje intahe y’ukuwikukira.

Muri ivyo birori vyabereye kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira kw’uburundi riri hafi y’ikibuga citiriwe Intwari mu misi iheze cahora citwa ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Perezida Petero Nkurunziza yashimiye abantu bafashije kugira Uburundi bugire ubwigenge, no kubumenyekanisha mu makungu muri abo bantu hakaba harimwo Nyakwigendera Papy Faty yapfiriye mu kibuga ukwezi kwa 4 muri uyu mwaka wa 2019.

Nyina wa nyakwigendera Papy Faty akaba yarahawe Certifacat de Mérite iherekejwe n’ibahasha ririmwo imiriyoni z’amarundi na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu.

Umukuru w’igihugu akaba yashikirije y’uko nyakwigendera Papy Faty yaserukira Uburundi mu bindi bihugu yakinamwo aranitanga bidasanzwe arinjiza Uburundi mu mateka yayo y’ubwa mbere muri CAN ngo ni akaryo keza ko gushimira umuryango wiwe naho atakiri kw’isi.

Igenekerezo rya 25 ukwezi kwa 4 umwaka wa 2019 niho nyakwigendera Papy Faty yitaba Imana aguye mu kibuga mugihe umugwi yari asanzwe akinamwo Melanti chiefs wariko urakina urukino rw’ihiganwa ryo muri Eswantini niho guca babona uyo mukinyi agwa mu kibuga bukumbi baraheza bamujana kwa muganga yamara bamushikanayo yamaze kwitaba Imana.

Umuhisi Papy Faty akaba yatanguye gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba kuva mu mwaka wa 2008, akinira umugwi wa Gillete wa hano iwacu ariwo wamureze akina muri Maniema Fantastic, Inter Star, akina mu Rwanda, Turquie, Hollande, Africa y’epfo hamwe no muri Swaziland ari naho yitabiriye Imana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871