footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Umumenyereza wa Arsenal bamusanganye Coronavirus

Kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 12 Ntwarante umwaka wa 2020, niho ikinyamakuru c’abongereza BBC candika y’uko vyamaze kumenyekana y’uko Umumenyereza w’umugwi wa Arsenal Mikel Arteta yanduye ikiza ca Coronavirus cabaye ndanse muri ino misi , ivyo vyatumye n’urukino rwari guhuza Arsenal hamwe na Brighton kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ntwarante rwigizwa imbere.

Umugwi wa Arsenal ukaba wari umaze imisi wugaye ikibuga cawo c’imyimenyerezo bivanye niyo ngwara , bikavugwa y’uko abakorana bose n’uyo mumenyereza bagiye gusuzumwa.

Kuri uyu gatanu igenekerezo rya 13 Ntwarante 2020, Premier league iraza gukora inama n’imigwi kugira bige ingene bashobora kwigiza imbere inkino zose zo muri iryo higanwa zari gukinwa muri ino ndwi .

Aganiriye na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu c’ubwongereza Mikel Arteta yagize ati” Ibi ni ibintu bibabaje cane . naripimishije igihe nari numva mpeze nabi nzosubira ku mirimo igihe nzovyemererwa”.

Urukino rwari guhuza Manchester City hamwe na Arsenal kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ntwarante 2020 narwo nyene rukaba rwigijwe imbere inyuma y’uko abakinyi ba Arsenal bahuye n’umugwi wa Olympiakos bagasanga uwo mugwi wanduye uwo mugera wa Coronavirus.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890