footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

Umumenyereza wa Bumamuru Ndikuriyo Ezeckiel niwe yatahukanye agashimwe ka BCM

 

 

Nkuko bisanzwe biri buri kwezi ishirahamwe BCM ( Best Coach Of The Month ) rihurikiyemwo abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi no hanze y’igihugu ryiyemeje kuzoba rihesha agaciro abamenyereza b’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league mu gutora umumenyereza azoba yigenjeje neza gusumba abandi buri ukwezi.

 

 

 

Ndikuriyo Ezeckiel Umumenyereza wa Bumamuru niwe yatahukanye agashimwe ka BCM Burundi kukwezi kwa kane ( Avril).

Ako gashimwe Ezeckiel akaba akaronse inyuma yo kwitwara neza mu kwezi kwa kane kwose akaba atigeze atakaza n’urukino na rumwe kuva ku ndwi ya 25 gushika ku ya 28 akaba yashoboye kuronka amanota yose 12/12, akaba yanganije amanota na Amars Akbar amenyereza Kayanza United ariko aca amurusha ibitsindo kuko Bumamuru yatsinze ibitsindo 9 yinjizwa igitsindo 1 conyene ica ibana ibana ibitsindo 8 mu kigega.

Kayanza United itsinda ibitsindo 6 yinjizwa igitsindo 1 icibana ibitsindo 5 vyonyene mukigega. aho rero mwomenyako amategeko ya BCM asanzwe avuga ko mugihe imigwi inganije amanota ica itandukanywa n’ubudasa bw’ibitsindo ubwambere .

Iryo shirahamwe BCM Burundi rikaba ryamukeje kurako gashimwe atahukanye karangiza Ihiganwa rya Primus league 2020-2021 ikaba rero izomuhemba agashimwe k’amafaranga angana n’ibihumbi ijana y’amarundi ( 100.000FB) bongeyeko na Trophé nkuko yama ibikora buri ukwezi .

Umusi ako gashimwe kazotangwa n’ikibanza kazotangirwamwo BCM izobibamenyesha .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315