homepagekirundikirundi_Sports

Umurundi niwe agiye gusubira kumenyereza KMC

Uwigeze kuba umumenyereza w’umugwi Aigle Noire The Fighters umurundi Harerimana Haruna niwe yaraye ashize umukono ku masezerano yo kumenyereza umugwi wa KMC wo mu gisagara ca Dar es Salaam.

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Nzero 2020 niho Harerimana Haruna yahabwa amasezerano yo kumenyereza uyo mugwi wa KMC mu kiringo c’umwaka n’igice. Akaba agiye muri uyo mugwi avuye mu mugwi Lipuli ukina mu cicaro ca mbere nyene muri Tanzania.

Yahawe uyo mugwi asubiriye umugande yitwa Jackson Mayanja yamaze gutandukana n’uyo mugwi bivanye n’uko ata musaruro mwiza yari afise muri uyo mugwi.

KMC ikaba iri mu kibanza ca 17 mw’ihiganwa ryo muri Tanzania n’amanota 14 mu nkino 16 imaze gukina.

Akaba ari umurundu agira kabiri amenyereza uyo mugwi inyuma ya Etienne Ndayiragije yayimenyereje mu mwaka w’2018.

Asanze abandi bakinyi b’abarundi muri uwo mugwi nk’uwahoze ari Kizigenza w’intamba mu rugamba Ndikumana Seleman yaguzwe mu misi iheze , Umunyegori w’intamba mu rugamba Nahimana Jonathan hamwe na Ndikumana yussuf Lule .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871