abakinyi bakina hanzeBurundi-GospelGospelkirundi_Sports

# Indundi Sports | Umurundi yasubiye gutorwa kuririmba ururirimbo ruhayagiza Australia

Umuririmvyi w’umurundi ariko akaririmba indirimbo zihayagiza IMANA (Gospel) David Tresor , yatowe kuzoririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Australia mu rukino rukomeye cane rwa Championship ruzohuza umugwi nserukira gihugu wa Australia ukina Rugby hamwe na Africa y’Epfo, urwo rukino rukazoba kw’igenekerezo rya 03 Nyakanga 2022 ku kibuga gishasha citwa New Allians National Stadium kiri ku murwa mukuru wa Sydney muri Australia.

Iryo higanwa rya Championship rikana rizokwitabiriwa n’ibihugu vya Africa y’epfo , Nouvelles Zelandes, Argentine hamwe na Austalia.

Mwomenya ko ribaye irigira kabiri uwo muririmvyi w’umurundi atorwa kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihigu ca Australia.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 304