Umurwi wa Basketball Remesha ubandanya werekana ko ufise ihangiro rikomeye cane muri uno mwaka wa 2023.
Uwo murwi ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 11 Ntwarante 2023 , waratunganije ihuriro rya bose ( Ansemblée Général) , hamwe no kwifurizanya umwaka mushasha n’abakinyi .
Muvyashikirijwe mu birori vyo guhimbaza uwo mwaka mushasha harimwo gutanga ubwishingizi (Assurance ) ku bakinyi bose b’uwo murwi mu kiringo c’umwaka .
Bisigura ko umukinyi wese wa Remesha BBC muri uno mwaka azovurwa n’uwo murwi .
Umurwi Remesha BBC ukaba waciye uba umurwi wa mbere ushira ku mugaragaro ko ibijanye no kuvuza abakinyi bawo, ibitarakorwa n’uwundi murwi hano iwacu .
Mwomenya ko uwo murwi muri uno mwaka ufise ihangiro ryo gutwara ibikombe vyose bizobera kubutaka bw’uburundi .