footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Umusi mukuru wa Eagle Day uzoba ukomeye harimwo n’igiteramo ca Sat-B

 

Umugwi Aigle Noir The Fighters w’i Makamba ugiye kwerekana abakinyi bawo waguze ku rukino rwayo rwa mbere rwa Primus league 2021-2022 ruzobahuza na Les Crocos yo mu Rumonge igenekerezo rya 14 Myandagaro 2021 isaha icenda ku kibuga Peace Park Nkurunziza .

Uwo musi wabo uhambaye bise Eagle Day uzoba urimwo n’igiteramo kuko umuririmvyi rurangiranwa Bizimana Aboubakar Karume Sat-B azoshobora guteramisha abanya Makamba n’abazoba bishikiye kuri ico kibuga cinjiza abantu barenga ibihumbi 30,000 .

Ibirori nyezina bizotangura isaha zitanu 11h zo mugitondo kuko ninaho bazotangura kwerekana abakinyi.

Inyuma y’urwo rukino isaha cumi na zibiri 12 z’umuhingamo kazoba akaryo keza ko kwakira abashitsi b’iteka ndetse n’abakinyi.

Mwokwibuka y’uko uwo musi nyene niho hazoba urukino rwa nyuma rw’abigeme rw’igikombe c’umutambukanyi w’umukuru w’igihigu .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315