footballIKIRUNDI_newskirundi_Sports

#indundi Sports | Umwe muri babiri azosuburira Reverien Ndikuriyo muri FFB yarateguwe

Uwushobora gusubirira Hoborable Reverien Ndikuriyo ashobora kuba ari mubamwegereye .

kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 29 Gitugutu isaha zibiri n’inusu z’igitondo kuri Zanzi Resto bar iri muri Quartier Asiatique , Niho uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Honorable Reverien Ndikuriyo yari yaramutse akorana ikiganiro n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubamenyesha ingene amatora amwe amwe yagenze n’ingene ayandi agiye gutegurwa hamwe n’ingene azohura n’abakinyi b’intamba mu rugamba mu ntumbero yo kubasezera abicishije mu rukino rwakivandimwe .

Muvyo Honorable Reverien Ndikuriyo yashoboye gushikiriza abazomukorera mu ngata aho yashoboye kugira ati:‘’ Twoshimira ubwa mbere abashaka kwitoza murazi neza y’uko mu kibanza c’uwutwara FFB twaravuze y’uko tutazosubira kwitoza naho Manda zari zikibandanya kubera ibikorwa bitari bike vy’igihugu eka si n’ivyo mbere twebwe igihe twaja muri FFB akazi twahawe kararangiye badusavye gushiraho umushinge w’umupira w’amaguru ako nako kararangiye kandi iyo umuntu ahejeje akazi umuntu aca avuga je nahejeje nimurabe ivyo mwansavye ko nabikurikije hama mbandanye ibindi. ‘’

Honorable Reverien Ndikuriyo yasubiye avuga y’uko bafise abantu babiri hazovamwo umwe ashobora kumusubirira.

Akaba yagize ati:” Sogukuru wacu yatubwiye y’uko mu ndongozi dutegerezwa gutegura abazodusubirira nico gituma rero mu bantu bakunda umupira w’amaguru twarateguye abatari bake twizere y’uko hazovamwo umwe canke babiri bagaca babandanya igikorwa twari tugejejeko.”

Mwomenya y’uko Honorable Reverien Ndikuriyo muntwaro yiwe Uburundi bwaritabiriye ubwa mbere inkino za CHAN , CAN U 20 , CAN Senior n’ibibuga bitari bitari bike vyarubatswe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315