Athletismekirundi_Sports

# Indundi Sports | Uwurongoye Athletisme mu Burundi yabwiye CNO ko atariyo ikora urutonde rw’abanonotsi

Ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi FAB ryavuye mu gacerere ku kibazo c’abanonotsi mu Burundi .

Mugihe mu misi iheze ishirahamwe CNO rirongowe na Lydia Nsegereka ryaramenyesheje urutonde rw’abakinyi bazoserukira Uburundi mu nkino za Jeux Olympique ( JO) hama izina rya Francine rikaburamwo kumvo z’uko amagara yiwe atameze neza , uwurongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi Dieudonnée Muvuduka yavuye mugacerere arandikira CNO .

Uwo arongoye FAB yarandikiye ikete uwurongoye CNO Lydia Nsekera mu kumumenyesha ko ishirahamwe ryiwe ariryo rikora urutonde rw’abanonotsi hubwo ni Féderation arongoye niyo irukora .

Ngo ahubwo ico CNO yari gukora yari guca ibegera hama bakarabira hamwe ivyo bibazo vy’abanonotsi.

FAB isubira kandi ikidogera CNO kubona yarimye Bourse umunonotsi Thierry Ndikumwenayo kandi yari ayikwiriye ibishobora kuba arivyo vyatumye uwo munonotsi ahitamwo kuza aserukira igihugu ca Espagne.

Mukibuka neza inyuma y’urwo rutonde Francine Niyonsaba yaciye yandika amajambo akomeye kuri CNO aho yasavye y’uko abarongoye iryo shirahamwe boraba ingene botanga imihoho .

Mwomenyako Franciye Niyonsaba ariwe murundi wa mbere amaze kuzana ubushimwe butari buke kandi buri ku rwerwo mpuzamakungu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 277