homepagekirundikirundi_Sports

Valentin Delanys yahagaritse amasezerano na RWDM Brussels

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Valentin Delanys yahagaritse amazerano yari afitaniye n’umugwi wa RWDM Brussels ukina mu cicaro ca gatatu mu Bubirigi.

Ku kumakuru twakuye ku rubuga Facebook rw’umugwi RWDM, uyo mukinyi yamaze guhagarika amasezerano n’uyo mugwi mbere bikanemezwa n’uwusanzwe atwara umugwi RWDM Brussels ariwe Thierry Dailly aho yasiguye y’uko uyo mukinyi yahagaritse amasezerano n’uyo mugwi kumvo ziwe bwite atashoboye gusigura.

Mu nkino zitatu za kivandimwe zo kwitegurira neza ihiganwa ryo mu Bubirigi Valentin Delanys urukino rumwe yatanze umupira wavyaje igitsindo mugihe urundi rukino yakinye iminota 45 gusa aranatsinda n’igitsindo.

Valentin Delanys akaba ari umwe mu bakinyi yigeze gutumwako mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mugihe wariko uritegurira ihiganwa rya CAN 2019 , ariko ntiyabasha gutorwa ku rutonde rw’abakinyi 23 bitabiriye CAN2019.

Mukamenya y’uko Delanys yari amaze indwi zibiri agiraniye amazeserano n’uyo mugwi wa RWDM Brussels. Gushika ubu, ntawomenya y’uko amasezerano bagiraniye n’uyo mugwi yoba amurekurira kuja muri uyo mugwi mugihe ataranawukinamwo n’ihiganwa .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871