homepagekirundikirundi_Sports

Valerie Nahayo yashikiye ku mpanda gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’umuhisi Papy Faty

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Mukakaro umwaka wa 2019 mu masaha yo mu gatondo niho uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba mu myaka iheze Valerie Nahayo yishikira ku mpanda gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’umusihisi Papy Faty yapfiriye mu kibuga mu kwezi kwa 4 igenekerezo rya 25 uwu mwaka turimwo.

Valerie Nahayo akaba yunamiye uwo muhisi maze afata akanya gato amusengera.

Uyo yahoze ari kizigenza w’intamba Valerie Nahayo muri kino gihe akaba asanzwe aba mu gihugu c’Ububirigi akaba kandi ari umwe mu ncuti zabaye hafi Papy Faty na cane cane mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu gihe bari bagikinana.

Muri kino gihe Valerie Nahayo akaba yaramaze kuba umukukuruke muvyo gukina umupira w’amaguru bikavugwa y’uko yoba ariko anonosora ivyigwa bijanye no kumenyereza mu gihugu c’Ububirigi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871