footballhomepagekirundikirundi_Sports

Vital’o Fc yaraye ironkejwe imyambaro y’imyimenyerezo

Ku musi wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 03 Ntwarante 2020, ku kibuga ca Tempête aho umugwi wa Vital’o Fc wama ukorera imyimenyerezo niho hari haramutse hatanzwe impuzu z’imyimenyerezo ku bakinyi ba Vital’o zivuye mu gihugu c’Ububirigi biciye mu mfashanyo bw’umugwi wa Anderlecht ukina mu cicaro ca mbere muri ico gihugu.

Izo mpuzu zikaba zazanwe n’umugwizatunga w’umugwi wa Vital’o Fc umuzungu Didier inyuma y’ukwezi gusa kuhaciye yari yabazaniye ibirato,imipira n’ibindi bikoresho uyo mugwi ukoresha muri kino gihe .

Didier akaba yavuze y’uko umugwi wa Anderlecht wemeye kuzohora ufasha umugwi wa Vital’o Fc ku bijanye n’imyambaro .

Didier akaba yaremereye umugwi wa Vital’o Fc y’uko azowubakira ikibuga arashira ahabona Budget azokoresha mu myaka itatu iri imbere iyo nayo ikazotwara imiriyoni 450 z’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891