bp-members-invitationhomepagekirundikirundi_Sportsvolleyball

Volleyball : Imirwi Amical na GLC niyo yatahukanye igikombe

Kuva mu kwezi kwa mbere, ishirahamwe rya volleyball mu Burundi ryaratunganije ihiganwa ryitiriwe umukuru w’igihugu. Imirwi cumi n’umwe harimwo itanu yo mu gihugu hagati niyo yitavye mu bagabo mu gihe mu bapfasoni hahiganywe imirwi ine. Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2020 niho hakinwa inkino za nyuma kuri stade Urukundo i Ngozi izo nkino zikaba zatewe iteka n’umukuru w’igihugu.

Mu rukino rwa mbere hakinye abakenyezi umurwi wa GLC watsinze Muzinga amaseti atatu kuri imwe .
Muri final y’abagabo naho Amical yirahiye amaseti atatu kuri imwe ya rukinzo .

Abakinyi baranze izo nkino akaba ari Evrard Irangabiye wa amical na Iradukunda Chanel wa GLC (Gender light club)

Gordien Iradukunda arongoye fédération yarashimiye umukuru w’igihugu kubona yarashigikiye izo nkino kuva zigitangura ,akaba yashimiye kandi ababafashe mu mugongo nka ATUBU ryunguruza abantu muri tuk tuk, Finbank na global ports authority.

Mwomenya yuko abakinyi bakera bagikina nka Dr Sixte Nderagakura yiga muri troisième cycle muri médecine akinira Amical n’umwigisha Annette Ndayikunda akinira Muzinga dame nabone bahawe agashimwe kubera babera akarorero abandi bakinyi.

Mu kurangiza ibikorwa Fédération ya Volley yaciye iha igikombe umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872