homepagekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Volleyball: Imigwi yo hagati mu gihugu izoba ikina ukwayo kubera gusezererwa kare

 

Hagiye kuza hatunganywa ihiganwa rya Volleyball mu ntara ku mirwi yo  hagati mu gihugu .

kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 07 Gitugutu 2022 , uwurongoye ishirahamwe rya Volleyball Général de Brigade de Police Serges Ntakavura yari aramutse atunganya ikiganiro n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira ko bamaze gutunganya ihiganwa ryo mu ntara hagati mu ntumbero yo gukomeza iyo migwi kugira ize ihangana n’imigwi y’i Bujumbura kuko ariyo ikomeye cane gusumba iya ruguru .

 

Général Ntakavura yasubiye avuga y’uko hazoba Championat National y’imice ibiri ni ukuvuga igice ca mbere izoba League interieur izoba imigwi yose yo hagati mu gihugu hama iza mbere zizoca zikina gushikaho baronke igikombe .

Imigwi 4 kuruhande rw’abagabo iva hagati mu gihugu hamwe n’imirwi 8 ku ruhande rw’abakenyezi avuye hagati mu gihugu niyo izokina igice ca kabiri gishira icanyuma kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 08 na 09 Gitugutu 2022 kuri Parquet

Izo nkino zikarangira imigwi 6 ya mbere yo mu bahungu hamwe n’i 6 yo mu bagore , nibo bazoca baza bahure n’imigwi y’ibujumbura y’abagabo 6 n’iyanagore 6 hama bace bagenda kuco bita Championat National .

Imigwi izohura uku gukurikira 08/10/2022 isaha zitatu zo mugitondo (9h00) ku Bagabo kuri Parquet :

– Vumbi yo mu kirundo izokina na Royal y’imuramvya
– Amivo y’ibururi izokina na Mpungwe yo mu Ruyigi

hama ku ruhande rw’abagore ku kibuga ca Cecadem 08/10/2022 ku kibuga ca Cecadem :

– Agasaka Ngozi izohura na Agakura y’ingozi
– Etoile y’ikiremba izohura n’agakura
– Agasaka izohura na Kerebuka
– Agakura izohura kandi na Kerebuka

– Etoile izohura n’agasaka

ku kibuga ca Parquet kandi bizoba uku gukurikira :

– Urumuri yo mu Kayanza izohura na Mbizi y’imuramvya

– Kayanza United izohura na Rondines
– Urumuri izohura na Kayanza
– Les Rondines y’ingozi izohura na Mbizi
– Kayanza izohura na Mbizi
– urumuri izohura na les rondines

 

Kwinjira naho ni amafaranga ibihumbi 2000fb hamwe n’ibihumbi 5000 Fb

 

Uwuzoba uwa mbere mu bagabo no mu bagore azoronka ibahasha ry’ibihumbi amajana atanu ( 500,000Fb ) hamwe n’igikombe  hama umugwi a kabiri uronke ( 250,000 Fb)

Mwomenyako inkino zanyuma zizoba ku musi w’imana igenekerezo rya 09 Gitugutu 2022.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871