bp-members-invitationhomepagekirundikirundi_Sportsvolleyball

VolleyBall : Imirwi izokina final ya President cup yamenyekanye

Igikombe c’umukuru w’igihugu muri Volley ball kirabandanya kikaba kigeze mu rukino rwa nyuma rutegekanijwe mu misi iza kuri stade Urukundo i Buye muri Komine Mwumba, intara ya Ngozi.

Mu mpera y’ino ndwi , muri Volley-ball niho hakinwa inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Mu bagabo Gacosmos yatsinzwe na Rukinzo iseti zitatu ku busa kandi iyo mirwi yompi yari yongeyemwo abakinyi bavuye Kenya na Uganda. Mu rundi rukino Amical sportif de Bujumbura yirahiye Bisoro Volley ball club iseti zitatu kuri imwe gutyo Rukinzo na Amical ziba zironse uburenganzira bwo kuzokina urukino rwa nyuma kuyindi ncuro.

Mu bapfasoni , imirwi ya GLC na Muzinga niyo yaronse itike inyuma yo kurusha imirwi Panthers na Les As.

Muri amical ngo nta bwoba , umukinyi Gadiel Muyuku batazira Gado yamenyesheje Indundi sports ko biteguriye neza Rukinzo kuko bazi uko ikina. Ku ruhande rwa rukinzo , OPC1 Kabura Cassien amenyereza uwo murwi yabwiye Indundi ko amical bayimenyereye kandi ko bazokora cane mu myimenyerezo aca arangiza avuga ko aba passeur bambere bafise uburambe Patrick Kim na Ntwari Trésor babarizwa mu murwi wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872