homepageInkinokirundikirundi_Sports

Wari uzi y’uko habuze gato ngo Thilo Kehrer akinire Uburundi?

Amakuru Indundi Sports yaronse n’uko umukinyi Thilo Kehrer akina mu mugwi PSG wo mu Bufaransa habuze gato ngo aze gukinira Uburundi.

Kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018 niho abavyeyi ba Thilo Kehrer baza mu Burundi mu mugambi w’umwana wabo witwa Coup d’envoi pour l’espoir ico gihe bararonse akaryo ko kuyaga n’umumenyeshamakuru mugenzi wacu akorera insamirizi Buja FM ariwe Arsene Bucuti, uyo mumenyeshamakuru yarabajije Se wa Thilo ikibazo c’uko yoshobora kwemerera umwana wiwe gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ico gihe Thilo Kehrer yari kizigenza w’umugwi Shark 04 yo mu budagi. Se wa Thilo Kehrer yaciye amubwira y’uko ata ngorane, abona gusaba Arsene Bucuti numero ziwe za terefone kugira niyashika mu Budagi azomwandikire kugira arungikire numero ziwe za terefone umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko kugira bashobore kuyaga ku kibazo c’umwana wiwe.

Aho hari muri Ruheshi mu mwaka wa 2018. Muri Rusama niho Thilo Kehrer yaca agurwa n’umugwi wa Paris Saint Germain wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Ubufaransa. Ico gihe, umugwi w’ubudagi uyo mukinyi yari asanzwe akinira mu migwi y’abakiri bato waciye umuduza mu mugwi w’abakuze Manshaft, ivyo gukinira Uburundi bica birangirira ngaho.

Mukamenya y’uko Thilo Kehrer Se wiwe ari umudagi nyina wiwe akaba ari umurundikazi avuka mu ntara ya Kayanza. Mwomenya kandi ko mu ndwi iheze, uyo mukinyi yuguruye ishirahamwe ryo gufasha Urwaruka rw’Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa yise Thilo Kehrer Foundation mbere akazoritanguza mu Burundi muri uno mwaka wa 2020.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871