footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Willian ashobora kutaguma mu mugwi wa Chelsea

Umukinyi wo kuruhande w’umugwi wa Chelsea Umunye Brezile Willian ashobora kutaguma mu mugwi wa Chelsea bivanye n’uko ibiganiro vyiwe na Chelsea bimeze nkibiriko bicumbagira muri kino gihe.

Willian akaba azorangiza amsezerano yiwe mu mugwi wa Chelsea mu kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka wa 2020 , ibimenyetso vyo kuva muri uyo mugwi bikaba bimaze kwiyerekana inyuma y‘aho abarongozi b’umugwi wa Chelsea bagaragarije intege nke mu kugiriranira ibindi biganiro.

Aganira n’ikinyamakuru citwa Transamerica Willian da Silva yavuze y’uko ibiganiro hagati yiwe na Chelsea bitasubiye kubandanya imbere y’uko Coronavirus itera avuga y’uko ata n’umwumvikano uraba hagati yiwe na Chelsea.

Willian akaba ari umwe mu bakinyi beza bakina Ku ruhande mu mugwi wa Chelsea ariko akaba atakiri mu vyiyumviro vy’umumenyereza wa Chelsea Franck Lampard bivanye n’uko atakimuha umwanya ukwiye wo gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891