homepagekirundikirundi_Sports

Yaoundé ati : “Ni igitangaza kubona mu mateka ya Vital’o Fc umugwi udutsinda ibitsindo 5

Mu gihe umugwi Vital’o Fc wari waraye unyagiwe bimwe bikomeye n’umugwi wa Bumamuru Fc ibitsindo 5-2 mu rukino rw’indwi ya 11 y’ihiganwa rya Primus ligue Burundi, inyuma y’urwo rukino umumenyereza w’umugwi Vital’o Fc yagize ico ashikiriza kuvyerekeye ugutsindwa k’umugwi Vital’o Fc nico abona abakinyi biwe babuze.

Yaoundé ari kuri micro ya Indundi Sports yavuze y’uko ari igitangaza mu mateka yose y’umugwi wa Vital’o Fc ndetse ngo ni n’ubwambere uyo mugwi utsindwa ibitsindo 5 mw’ihiganwa bategerezwa kwicara hamwe bagatekereza amakosa yabaye bakarangiza igice ca mbere c’ihiganwa kugira barabe ingene bakosore vyinshi biboneka babuze muri urwo rukino.

Akaba yagize ati ” ni igitangaza mu mateka yose y’umugwi wa Vital’o Fc ni ubwa mbere umugwi udutsinda ibitsindo 5 mw’ihiganwa dutegerezwa kwicara hamwe tugatekereza amakosa yabaye tukarangiza igice ca mbere c’ihiganwa kugira turabe ingene twokosora vyinshi biboneka twabuze uno musi. Abakinyi banje nta shaka bafise kuko ntakuntu woshobora kwemera ugatsindwa ibitsindo bitanu vyose sinovuga y’uko gutsindwa kwacu kwatumwe n’uburuhe sivyo kuko bari bamaze indwi yose badakina ni vyabindi nyene nariko ndavuga babuze ishaka ntiriraza muri aba bana kugira bamenye y’uko umugwi uriko urakina kandi uba uzi ico urondera baracakina umupira umenga ataco ubabwiye”.

Kanyenkore Jean Yaounde Yaoundé akaba yarangije avuga y’uko batocika intege nubwo batsinzwe ko bakiri mu migwi ihiganira igikombe ca Primus ligue Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871