footballhomepagekirundikirundi_Sports

Yaoundé ngo abakinyi b’abarundi barakomeye gusumba abanyarwanda

Mu kiganiro yakoranye na Indundi TV umuyobozi mu binjanye n’ubuhinga mu mugwi wa Vital’o Fc Kanyenkore Jean-Gilbert Yaoundé yavuze y’uko umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ariwo ukomeye gusumba umugwi nserukira gihugu w’Urwanda Amavubi.

Yaoundé akaba yarabajijwe ikibazo c’uko yovuga umugwi ukomeye gusumba uwundi hagati w’Uburundi n’Urwanda bivanye n’uko ivyo bihugu vyose yabimenyereje.

Akaba yishuye ati : “Oya ntakurya umunwa umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wa kera wari ukomeye gusumba uw’Urwanda Amavubi n’ubu ni uko ari Géneration nshasha ntibaricara hamwe kugira bayikore neza nawo nyene ntiwoba umugwi woroshe”

Abajijwe n’ikihe kintu cemeza y’uko umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wari ukomeye gusumba uw’Urwanda Yaoundé akaba yavuze y’uko abarundi bafise ingabirano y’umupira w’amaguru.

Akaba yagize ati “Ni ukuri sinokubesha abarundi bafise ingabirano y’umupira w’amaguru kandi umupira wabo uri mu maraso ikindi murabona y’uko abakinyi bashika kuri 60 b’abarundi bakina mu Rwanda ni ukuvuga y’uko bazi gukina si ubwa mbere ndabivuga jewe nama nja mu Rwanda nivyo uravye ihiganwa ryabo n’ihiganwa ryacu sico kimwe kuko iryacu riri hasi kubera ibintu ubu vyarahindutse n’abakinyi bamwe bamwe barakukurutse baragenda ubu hariko haraza abakiri bato”.

Yaoundé yasubiye avuga gushika muri kano kanya ko abarundi bari hejuru y’abanya Rwanda ngo uwobaha uburyo bukwiye bokina n’igikombe c’isi imbere y’imyaka itanu canke itandatu.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891