BurundiEsther Nishhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligueYvan muziki

Yoba ari iyihe mvo yatumye Aigle Noire itahukana igikombe inyuma y’imyaka 10?

Primus league iriko irasozererwa amarembe, igikombe kikaba caraye gitashe i Buragane ku ncuro yambere.

Bitoroshe na gato, the fighters ku musi wa 26 w’urukino bakiniye i Gitega rwabahuje na Olympic stars y’i Muyiga, Aigle Noire yatsinzwe ibitsindo 3 kuri 2.
Imbere y’uko urwo rukino rutangura Aigle noire yasabwa gutsinda canke kunganya kugira batahukane igikombe bakaba bari barindiriye ko umukeba mukuru ariwe Musongati anganya canke agatsindwa.


Ico gisabisho c ‘i Makamba kikaba cumviwe kuko Musongati yanganije na flambeau du centre.
Umunezero uca ushwara abakunzi b’uwo murwi, maze Christine Ndayishimiye aramutswa uburongozi bw’uwo murwi atanga akaganuke kangana n’12.500.000Fbu.

Uwo murwi ukaba wahuye nibibazo bidasanzwe mu rugendo waciyemwo kuko wigeze gutibuka mu cicaro ca kabiri, eka unashika no mu ca gatatu, gushika aho ugura ikibanza ca mbere c’umurwi wa rusizi.
Imyaka ine iraheze uwo murwi ukiri mu kibanza ca mbere umumenyereza akongera akaba n’umuhinga Joslain Bipfubusa yaje ava muri Messager Ngozi.

Uwo murwi ukaba uramura abakinyi rurangiranwa aho twovuga nka Tambwe Amisi akina muri young African’s Tanzania, Artur Arakaza muri zambia, Rugo Stephano na Yves Ruvugana batahukanye CECAFA bari mu ntamba U17).


Uburongozi bwiza n’ukudacika intege akaba arivyo vyatumye Aigle noire itahukana ico gikombe.
Mwomenya ko uwo murwi umaze imyaka cumi mururwo rugamba watangujwe na Honorable Reverien Ndikuriyo akiramutswa intara ya Makamba.
Indundi Sports ikaba ikeje uwo murwi kumwe n’iyindi bari basangiye urwo urugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 881