homepageInkinokirundikirundi_Sports

Youssouf Nyange abaye umurundi agira gatatu akinye muri Turquie

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 31 Nzero 2020 niho umukinyi wo hagati w’umugwi Aigle Noir Youssouf Nyange yashira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Yeni Malatyaspor ukina mu cicaro cambere mu gihugu ca Turquie.

Akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira uyo mugwi wa Yeni Malatyaspor mu kiringo c’imyaka itatu n’igice.

Uwo mugwi ukaba uri mu kibanza c’9 mw’ihiganwa ryo muri Turkia.

Youssouf Nyange akaba aciye aba umukinyi agira gatatu w’umurundi akiniye mu gihugu ca Turquie 🇹🇷 inyuma ya nyakwigendera Papy Faty hamwe na Saido Ntibazonkiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871