homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Youssuf Mossi yashikirije ubutumwa abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi

Uwusanzwe arongoye igisata co gutunganya inkino muri FFB Youssuf Mossi yashikirije ubutumwa abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi inyuma y’aho harangiriye ihiganwa rya Primus league ry’uyu mwaka wa 2018-2019.

Yagize ati : “Bakunzi b’umupira w’amaguru namwe mwese mujejwe kumenyesha abenegihugu uko umupira w’amaguru mu Burundi wifashe, nagomba mbanze nshimire Imana yadufashije guheza ihiganwa ryacu ata nduru kandi n’uburyo atari ikirenga FFB ifise canke imigwi.

Nagomba nkeze abarongoye imigwi ukuntu bitanga tuzi neza aho basoroma. Hari ibihugu vyinshi vyifuza gushikira urugero rw’ugutunganya amahiganwa tugezeko mu Burundi mugabo bikabankira kandi bafise uburyo bw’ikirenga. Tubaye aba mbere muri Afrika duhejeje amahiganwa mu mwanya CAF ishaka. Ndabona kuma réseaux sociaux imvugo zitandukanye kuvyerekeye ukuntu imirwi isumbasumbana cane cane itatu izokoroka mu cicaro ca kabiri.

Haracari kare, nagomba ndabemerere ko amategeko agenga ihiganwa Primus ligue azokurikizwa mu gutondeka imirwi uko ikurikirana ku manota. Mu ntango z’indwi iza, turicarira ico gikorwa muri commission des compétitions, duhejeje duce duha rapport comité nshingwabikorwa ya FFB yemeze classement. Tureke rero guca imanza, ntibihave biba nka ba bandi bamwe ngo Papy Faty yitavye Imana abandi nabo ngo aracari muzima. Ndabasavye dutekane. Murakoze cane, Imana ibaje imbere ku kazi keza mukorera igihugu cacu. Tugir’amahoro”

Mukamenya y’uko icatumye Youssufu Mossi avuga ayo n’uko hari imigwi itatu inganya amanota muri Primus league iyo nayo akaba ari Umugwi Athletico Olympic , LLBs4A hamwe na Flambeau de l’est , ikaba ifise amanota 30 , bakaba bakwiye kuraba neza ukungene Imigwi yagiye iratsindana hama bace batora imigwi izoherekeza Umugwi Messager Bujumbura wowo umaze kumanuka mu cicaro ca 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871