homepageInkinokirundikirundi_Sports

Youssuf Nyange yabeshuje ivyigeze kumuvurwako

Mu kiganiro Youssuf Nyange yakoranye na Indundi TV yarasiguye icatumye adakina iburaya hakiri kare mugihe yigeze kuja kugeragezwa muri Turquie hamwe no muri Hollande .

Akaba yavuze y’uko aho hose yaciye atigeze ananirwa igeragezwa ahubwo wasanga habaye ukutumvikana kw’iyo migwi na Manager wiwe canke na Aigle Noir .

Akaba yagize ati :

“Ubwa mbere naragiye muri Turquie mu mugwi wa Galatasaray ndakora igeragezwa ndaritora kandi nari navuye mu Burundi nakinye inkino 10 gusa aho hari nko mu mwaka wa 2017 nari mfise imyaka 18 y’amavuko niho Umumenyereza wa Galatasaray yaciy avuga y’uko ntashobora gukina mu mugwi w’abakuze bivanye n’imyaka mike nari mfise ico gihe aho Galatasaray yari ifise abakinyi bakomeye nka Sneijer , Podolsky Umumenyereza aca ampa amezi 6 yo kuja muri uwo mugwi w’abakiri bato ambwira y’uko ni nitwara neza azoca anduza mu mugwi w‘abakuze ariko Manager wanje ntiyashimye iyo ngingo ambwira nsubire mu Burundi ngo azondonderera uwundi mugwi ”

Yarandondereye umugwi ugira kabiri mu gihugu ca Hollande naho nyene naragiye baranshima ariko amahera bantangako yari make cane bivanye n’imyaka nari mfise Umugwi Aigle Noir waciye wanka kundekura rero abantu bose bavuze y’uko nananiwe nigeragezwa barabaesha. »

Mukamenya y’uko Youssuf nyange yaguzwe mu mugwi Yeni Malatya sport wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Turquie .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871