homepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Imvo yatumye ikirangamisi c’inkino za Primus league gihindurwa

 

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2020, Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Révérien  Ndikuriyo yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kugira ababwire imvo zatumye ikirangamisi c’ihiganwa rya Primus league gihindurwa .

Imvo ngo n’uko mu nkino zose zitatu zisigaye hariho imigwi ishobora guheberanira kugira irokoke mu migwi itazokoroka mu cicaro ca kabiri ikindi ngo ni ibibuga bimwe bimwe bizobura bivanye n’ibikorwa vy’igihugu bigiye gutangura mu misi iri mbere.

Naho atavuze umusi ico kirangamisi kizosohorerwa yavuze y’uko mundwi zibiri umugwi w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB uzoba wamaze gutanga icegeranyo c’ibibuga bizoboneka .

Honorable Révérien Ndikuriyo akaba yavuze y’uko intumbero bafise ari uguheza ihiganwa igenekerezo rya 30 Rusama 2020.

Yashoboye no gushimira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kubona bwabahaye Termoflashs zigera kuri 25 zo gupima ubushuhe ku banyagihugu bama baza ku bibuga bitandukanye.

Honorable Ndikuriyo yanasavye y’uko hatogira abakinyi bocika ivutu ahubwo biyemere kandi baze bakurikirana n’impanuro zo kwa muganga asubira abasaba y’uko boza baririndq kuja ahantu hahurira abantu benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874