BasketballBurundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

#indundi Sports|Kern yagumye mu kibanza ca mbere

Ihiganwa rya Basketball mu gisagara ca Bujumbura ryarabandanije ku munsi waryo wa kane aho imirwi itandukanye yerekanye ubuhinga budasanzwe .


Kern ikinamwo Ninziza Alvin yagumye mu kibanza ca mbere.

Umurwi Kern wafashe ikibanza ca mbere vyimfatakibanza ukaba watsinze Aigle noir ku manota menshi 114 kuri 38 .

Haciye hakurikira urukino rukomeye hagati ya Les hyppos n’Urunani, bikaba vyarangiye Urunani rukinamwo Yves na Nyamaswa Jean Luc rutsinze Les Hyppos bigoranye ku manota 78 kuri 75.
Nubwo biriko abakinyi ba les hyppos Nicirusha Christian batazira Bebeto arikumwe na Symplice Nihimbazwe barabangamiye Urunani mu gutsinda amanota 54 muri 75 umurwi wabo winjije ivyatumye Bebeto wa les hyppos ashikana amanota 104 mu nkino zine agakurikirwa na Mbuyi afise amanota 57 muri iryo higanwa.

Ku w’Imana iryo higanwa ryarabandanije ku kibuga ca Toyota .

Mu rukino rwa mbere New stars yatsinze Mutanga united 96-58 haca hakurikira urukino rwa Muzinga na Gymkhana urwo rukino ruca rurangira abasoda batsinze Gymkhana 81 kuri 48 bica bituma Gymkhana ifata ikibanza ca nyuma vy’imfatakibanza .

Mwomenya ko muri urwo rukino rwo mu kwezi kuza(Gitugutu) hazokinwa ihiganwa rya Basketball ryitiriwe incungu z’Uburundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686