homepagekirundikirundi_Sports

Moustapha Selemani agiye gukinira Young Africans

Kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20 hamwe n’umugwi Aigle Noir yaguzwe muri Young Africans muri Tanzania.

Moustapha Seleman akaba yashize umukono ku masezerano yo gukinira umugwi young Africans imyaka ibiri.

Mukamenya y’uko Moustapha Selemani ari mu bakinyi bafashije cane umugwi Aigle Noir gutwara ibikombe bishika kuri 3 vyo muri uyu mwaka wa 2018-2019.

Ivyo navyo akaba ari igikombe ca Primus league, igikombe c’akazi ( Coupe du Travail) hamwe n’igikombe citiriwe Nyebicubahiro umukuru w’igihugu (coupe due Président).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871