featured sportArsenalChelseahomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

#indundi Sports|Ulimwengu Jules yabeshuje ibimuvurwako

Umukinyi w’umurundi akina hakurya mu gihugu c’u Rwanda Ulimwengu Jules abandanya kwitwara neza iyari muri azam premier ligue muri Rayon sport, akaba amaze kuwutsindira ibitsindo bitatu harimwo bibiri yinjije mw’ihiganwa rikuru.

Ukwezi kwa kabiri kuva gutangura afatwa muri kino gihe nk’umu stars muri kano karere, bikanabonekera mu biganiro atanga mu gihugu akinamwo eka na hano iwacu .

Bimwe mu bimuvugwako cane ni amajambo yabajijwe n’umumenyeshamakuru wa radio isango kuvyerekeye umukinyi Meddy Kagere akinira Simba ko yoronka ikibanza mu ntamba mu rugamba co kimwe nivyo yiganiye bagenzi bacu bakorera iradiyo Buja ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2019 . *Jules arahakana akanana ko ivyo avurwako atarivyo.

Ulimwengu Jules ahakana ko atigeze avuga ko Meddy Kagere asumba abasatirizi b’abarundi ahubwo we akemeza ko yishuye ikibazo nkuko bisanzwe,akanivugira ko yashikirije uko avyibaza ariko abantu bagatahura ibitandukanye.

Yongera ati “Jewe nkinira Rayon Sports, aho ngeze ndabikesha igihugu canje kandi nk’umukinyi w’Intamba mu rugamba. Akanemeza ko yiteguriye kuza gufashanya na bagenzi be mu rukino ruzoduhuza na Congo Brazzaville mu kwezi kwa gatatu mubadashikana imyaka 23 ”

Akaba yarangije ashimira abakunzi b’Intamba mu rugamba co kimwe na Rayon Sports badahengeshanya ku muba hafi. Tubibutse ko Jules Ulimwengu yakiniye imirwi nka Jeunes Athletic,LLB ,Vitalo fc na Sunrise akaba yari mu murwi waheruka guserukira u Burundi mu gikombe ca afrika c’abadashikana imyaka 20 giheruka kubera muri Niger. Indundi sport ikaba imwifurije gutera imbere nk’umuzinga

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872