africa newsEast Africa NewshomepageIndundi Hits ShowskirundiMagic Soldier Kingorongoroprimusic-burundisociete

Tanzaniya : Ibihano cari cafatiwe vyahagaritswe

Ibihano igihugu ca Tanzaniya cari kimaze imisi carafatiwe n’ibanki y’isi yose vyahagaritswe.

Inyuma y’aho umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Perezida John Pombe Magufuli afatiye ingingo y’uko ata munyeshure azoba yavyaye hama ngo asubire mu mashure, ibanki y’isi yose yari yaciye ifatira ibihano ico gihugu vy’ukutabandanya ikorana naco yamara ikaba yisubiyeko.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza umwaka w’2019 niho ibanki y’isi yose be na Reta yunze ubumwe ya Tanzaniya vyatera umukono ku masezerano yo gufashanya ku mafaranga angana n’umuriyaridi umwe n’imiriyoni amajana indwi y’amadorari y’abanyamerika biciye mu kigo Bretton Woods. Ayo mafaranga akaba ategekanijwe kuzofasha mu kurwanya ubukene muri ico gihugu hamwe n’iyindi migambi y’iterambere ahanini ijanye n’inyubako n’ibindi.

Muri ayo, amadorari angana imiriyoni amajana atatu akaba ariyo ategekanijwe kuzofasha mu kurwanya ubukene nayo imiriyoni zigera ku majana ane zifashe mu gisata c’indero.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 758