EntertainmentAkes DonhomepagekirundimusicPassportpromotedTabac

Umuhisi Bruno Simbavimbere yashinguranywe iteka

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Ntwarante niho hari haramutse hashinguranwa iteka umuhisi Bruno Simbavimbere batazira Member yahora arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi “AMB”.

Kuva igihe c’isaha imwe n’inusu z’igitondo abantu batandukanye harimwo icegera ca mbere c’Umukuru w’igihu Gaston SINDIMWO bari bashitse ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled ahari hasanzwe haruhukiye umuhisi Bruno Simbavimbere batazira Member bagiye kumusezera irya nyuma hama baca baja kumusabira ku Mana kuri Saint Michel.

Umusaseredoti yasomye imisi yagarutse cane ku bikora vyamuranze aho yanasavye ko abaje kumuherekeza boguma banitaho umuryango asinze ugizwe n’abana indwi n’utambukanyi wiwe nawe nyene asazwe amagara yiwe amukitse, haciye imyaka itandatu

Ibirori vyabandanirije mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda aho abenshi bagiye bafata ijambo bagaruka kw’ijambo bamwibukirako yakunda kuvuga ati “TUREKE AMAJAMBO TUGWIZE IBIKORWA”

Aya ni amwe mu masanamu yaranze ico gikorwa :

Ifura y’umuhisi Member

Ikindi bamwibukirako ngo n’uko mu gihe c’amagume yashikiye Uburundi mu mwaka w’1993, umuhisi Memba ngo yagerageje guhuza amakaritiye amwamwe yo mu gisagara ca Bujumbura wasanga hari amakaritiye ata muhutu yajamwo canke umututsi.

umuhisi Simbavimbere ukuntu yabigenjeje kugira ngo ashobore guhuza ayo makaritiye ngo yashinze umurwi w’abavuza umuziki uhurikiyemwo ubwoko bwose maze bagaheza bakaza baraja muri ben’ayo makaritiye kuvuza umuziki wo guhanurana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769