BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Umuzo wa Diamond i Bujumbura ngo ushobora gutuma Big Fizzo ajugumira

Umuzo wa Diamond i Bujumbura igenekerezo rya 28 Mukakaro uwu mwaka muri Final ya Primusic, vyoba vyumvikanyweko ku munota wa nyuma, bivuye kuko uburyo bwari bwateguwe imbere bwoba bwari buke kuri uwo muririmvyi.

Mu gihe Ku musi w’ejo ariho hashirwa ahabona urupapuro ndangagiteramo rwerekana Diamond Platnumz ko ariwe azoza muri Final ya Primusic, ariko ku mbuga zimenyekanisha iryo higanwa ntihagira ico babivugako, ubu naho hamaze kumenyekana ko ari ivy’ukuri ngo niwe azoza.

Amakuru dukesha umwe mu bari mu bategura iryo higanwa atumenyesha ko uwo muririmvyi yoba yahawe amafaranga yababa canke arenga imiriyoni ijana z’amarundi (100.000.000Fbu). Aho ni mu gihe abaririmvyi bakomeye bakoze ibitetamo birenga 10 baherekeje iryo higanwa batahawe agahembo kanashika 50.000.000 Fbu.

Imyidogo ikaba itanguye kuba myinshi mu baririmvyi, n’abandi bakurikiranira hafi ivy’umuziki aho babona ko iryo shirahamwe ritariko rifasha umuziki, ahubwo ririko rirawucinyiza. Ivyo bakabivuga bafatiye kuri ako gahembo kahawe uwo muririmvyi.

Amakuru twari twaronse haraheze imisi akaba yavuga ko kubera ikibazo c’amafaranga make yari yateguriwe ico gikorwa, ata muririmvyi akomeye nka Diamond azozanwa i Bujumbura. Kuba bibaye bikaba bishoboka ko hoba habaye ukwisubirako kw’abategura ico gikorwa noneho hakaronderwa umuririmvyi akomeye, yaheruka ngaha haraheze igihe kitari gito.

Umuzo w’uyo muririmvyi ukaba uriko unarabwa irindi jisho n’abandi bakunzi b’umuziki ndundi kuko babona ko Big Fizzo ashobora guhungabana kubera Diamond azoba yashitse i Bujumbura. Ariko icabashije kuboneka mu myaka iheze aho yakira ibindi bihangange nuko yabashije kugumana ikibanza yari afise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775