africa newsDevelopmentFabelovehomepageIndundi Hits ShowskirundiMiss Burundi EventSCIENCES & TECHNOLOGIES

Zimbabwe : Inyuma yo gukora imodoka, ageze kurwego rwo gukora indege

Sangulani Chikumbutso, umwenegihugu wo muri Zimbabwe atashoboye kurangiza amashure yisumbuye aherutse gukora indege kajugujugu, imodoka ikoresha umuyagankuba hamwe na drone.

Uyo musore yavukiye mu minyaganyaga mu ntara ya Kuwazana amenyesha ko kuva akiri muto yagumye akurikirana akanitaho cane umwuga se wiwe yakora w’ubumekanisiye. Kuri we kugira impamyabushobozi nyinshi ngo yabibona nk’ugutakaza umwanya kandi ashobora kuwukoresha mu kurema ibindi bintu.

Ivyo vyatumye bwana Sangulani agarukiriza hagati amashure yisumbuye yariko ariga mu gisata c’ubuhinga maze ashinga ihinguriro ryiwe “Saith technologies” ryitaho cane ibijanye n’amasoko ntanganguvu “Energie” hamwe n’uguhanahana amakuru “Communication”

Uwo musore agomba kuba rurangiranwa muri Afrika amenyesha ko yaguze hanze y’igihugu udukoresho duke cane ibindi bigizwe na Aluminium hamwe na Acier bisanzwe biri mu gihugu c’amavukiro, ivyo ngo vyerekana ko abanyafrika bafise impano nyinshi boshobora kurata mu makungu yamara kubera uburyo buke usanga bafise indoto zabo zikaburagizwa aboneraho gutera akamo ama Reta yo muri Afrika kwama na ntaryo afata mu mugongo ben’abo bantu gushika ku ndoto zabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760