BurundiBDUSADevelopmentDonard TrumpEconomyFabelovehomepagekirundipoliticsUSAVision2025

EAC : Imyiteguro yo gukoresha ifaranga rimwe ngo irabandanya

Uburundi burabandanya imyiteguro nk’uko bisanzwe kugira bujane n’ibindi bihugu bisangiye umuryango wa Africa y’ubuseruko mw’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe, “union monétaire” mu rurimi rw’igifransa.

Ivyo vyemezwa n’umushingantahe Vénuste Ndikumwenayo asanzwe ayoboye igisata kijejwe ivyigwa n’ibiharuro ngenderwako mu mugambi w’itunganya ry’amafaranga akoreshwa mu gihugu, mw’ibanki nkuru y’Uburundi BRB.

Bwana Ndikumwenayo ashikiriza ko uwo mugambi wo gukoresha ifaranga rimwe muri uwo muryango bitegekanijwe ata gihindutse kuzotangura mu mwaka w’2024. Vénuste Ndikumwenayo, asigura ko bariko babikora bisunze amasezerano yashizweko umukono n’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango, hari kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa Munyonyo mu mu mwaka w’2013 mu kiringo kingana n’imyaka icumi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769