BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Kidum abitse amabanga menshi

Kidum asubiriye kandi kumenyesha ko abariko bategura akajagari mw’itangwa ry’ubushimwe ririko rirategurwa yamaze kubamenya, uwo akavuga ko ata kindi kibagenza atari ishari gusa

Inyuma yaho amenyeshereje ko yatohoje akamenya abariko bavuga ko bashaka kuzogirira nabi umuririmvyi Meddy aramutse ashitse i Bujumbura, Kidum asubiriye kandi kumenyesha ko azi abateguye akandi kajagari.

Ivyo kidum akaba yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa facebook aho yariko amenyesha ko yisubiyeko ku ngingo yari yafashe yo kudahonyoza ikirenge i Bujumbura mw’itangwa ry’ubushimwe ku bakoze neza muri uyu mwaka wa 2018.

Kidum avuga ko yahanuwe n’aatari bake i Bujumbura, none ngo yemeye kuzohashika, nakare ngo na Kireko yarayamaze ngo indya y’umugayo irya umugabo.

Muvyo yabashije kwandika, akaba aboneka avuga ko yamenye abashaka kuzana akajagari muri iryo higanwa, aho akavuga ko ikibaraje ishinga ari ishari, n’ukubona ibintu bitagenda neza. Aho akaba anavuga afobetse ko bashobora kuba ari n’abaririmvyi ubwabo.

Kidum yanabavuniye akagohe ko abategura ibiteramo canke ibindi bikorwa nkivyo ngo batama ari abaririmvyi, ariko ngo n’ababa babizobereyemwo -Professional-, ngo babikora kugira abo baririmvyi bamenyekane.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe abaririmvyi batari bake barimwo Big Fizzo, EMery SUn, R Flow, Natacha n’abandi babandanya kwiyamiriza itegurwa ry’iryo tangwa ry’ubushimwe kuko babona ko hariho abatabashije gushirwawo ariko batabonetsemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760